1ère Assemblée générale 2024-2025

Uburongozi bw’ishure bwa Lycée ya Mutima Mweranda (Lycée du Saint Esprit) buri n’iteka ryo gutumira abavyeyi bose barereye muri iryo shure mu nama y’abavyeyi bose (Assemblée générale des parents).  Iyo nama  ikaba  itegekanijwe  kw’ igenekerezo ya  29 Nyakanga (29/09/2024), isaha zine (10H00) zo mugatondo, iyo nama ikazobera muri “Grande salle” ya Lycée. 

Menya neza :

  • Muri iyo nama hatumiwe umwe mu bavyeyi (papa canke mama), abakozi b’imuhira ntibarekuriwe guserukira  abanyeshure muri iyo nama!
  • Umunyeshure atazoserukirwa mur’iyo nama azosubizwa imuhira kuwa mbere igenekerezo rya 30/09/2024 kandi akazogaruka azanye umuvyeyi.
  • Ntibikenewe kwitwaza amacarnets, kuko twabateguriye aho mozokwiyandika imbere y’uko inama ihera.

Shopping Basket